Uko wahagera

Abimukira 10 Bariko Baraja mu Buraya Bapfiriye mw’Ibahari ya Mediterane


Ibahari ya Mediterane
Ibahari ya Mediterane

Abimukira b'Abanyafrika 10 bapfuye inyuma y'uko ubwato barimwo bwibiye mu mazi y'ibahari Mediterane hafi y'igihugu ca Tuniziya. Iyo nkuru yatangajwe, uno musi ku wa gatatu, n'abajejwe gukingira imbibe zo mu mazi b'ico gihugu.

Abajejwe kugenzura imbibe zo mu mazi b’igihugu ca Tuniziya batangaje, uno musi ku wa gatatu, ko abimukira 10 baturuka muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara bariko bagerageza gushikira umugabane w’Ubulaya mu buryo budaciye mu mategeko, bapfuye, ku musi wa kabiri, igihe ubwato barimwo bwibira mw’ibahari Mediterane hafi y’igihugu ca Tuniziya.

Abimukira 72, baratabawe, mu gihe ibiziga vy’abantu 10 vyatowe. Uretse 10 bapfuye, irengero ry’abandi bimukira b’Abanyafrika bari hagati ya 20 na 30 ntirizwi.

Hari inyuma y’uko ubwato bugize isanganya ku musi wa kabiri, hafi y’igisagara ca Sfax, mu buseruko bushira hagati muri Tuniziya, nk’uko umuvugizi w’abajejwe gucungera imbibe z’igihugu, Housem Jebabli, yabitangarije itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, Agence France Presse, AFP. Yavuze ko abapfuye bari baturuka mu bihugu vyo muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara.

Itangazo, abajejwe gucungera imbibe z’igihugu muri Tuniziya, ku musi wa kabiri, rivuga ko abajejwe izo mbibe bariko batesheje ibikorwa vy’abariko barondera kujabuka imbibe zo mu mazi y’ico gihugu mu buryo budaciye mu mategeko hafi y’igisagara ca Sfax, hamwe n’ikindi gikorwa nk’ico cariko kibera mu buraruko bw’igihugu. (AFRICANEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG