Uko wahagera

Prezida wa Malawi Yababariye Uwahoze ari Umushikiranganji Ku Caha ca Ruswa


Prezida wa Malawi yatowe Lazarus Chakwera arahira kurongora igihugu i Lilongwe, Malawi, kw'itariki ya 28/06/2020.
Prezida wa Malawi yatowe Lazarus Chakwera arahira kurongora igihugu i Lilongwe, Malawi, kw'itariki ya 28/06/2020.

Prezida wa Malawi yababariye uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano yari mw’ibohero kuva mu 2020 ku vyaha vyo kurya ibiturire. Yari yarafatiwe ibihano kandi na Amerika vyo kumubuza kuyigendera kubw’ico caha nyene ca ruswa

Uladi Mussa yari mu banyororo 200 barekuwe n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu mu bihe vya Pasika. Ariko ibabarirwa ryiwe ryatumye hari abashikiriza amakenga ko reta idohotse ku rugambwa yiyemeje rwo kurwanya ibiturire.

Uwundi yababariwe ni Jones Tewesa, umushoferi wa komisiyo ya Malawi ijejwe amatora. Yari yahanishijwe gufungwa amezi 15 mu mwaka uheze kuko yahungabanije urukurikirane rw’imodokari zari zitwaye prezida.

Reta ivuga ko iki kigongwe cemewe n’ibwirizwa shingiro rya Malawi riha imbabazi umunyororo yigenjeje neza mw’ibohero.

Ambasade ya Amerika i Lilongwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ibihano vyo kumuziririza kwinjira ku butaka bwa Amerika bigumijweho naho yahawe ikigongwe na Prezida. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG