Uko wahagera

Perezida Biden Yashitse muri Irlande mu Rugendo rw'Imisi Itatu


Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden ashitse ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Belfast
Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden ashitse ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Belfast

Indege ireruye prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yashitse hafi y’umurwa mukuru Belfast kuri uyu wa kabiri, aho atanguye urugendo rw’imisi itatu muri Irlande yo mu buraruko na Irlande Agiye kwifatanya n’ivyo bihugu kwibuka imyaka 25 irangiye hasinywe amasezerano y’amahoro yiswe ayo ku musi wa gatanu mweranda.

Aya masezerano yasinywe kw’itariki ya 10 y’ukwa kane 1998 afashijwemwo na Reta zunze ubumwe za Amerika. Yarangije ugushamirana kwari kumaze imyaka amacumi hagati ya Irlande y’uburaruko na Irlande kuva mu mpera z’imyaka y’1960. Iyi mishamirano yaratandukiriye n’Ubwongereza.

Aya masezerano yatumye urunganwe rw’abana bavutse mu nyuma babaho mu mahoro. Naho yabaye ngirakamaro, harakunze kubonekamwo udutosi tuyahungabanya kuva aho Ubwongereza buviriye mw’ishirahamwe rya Buraya. Yatosekajwe kandi no kutumvikana ku bibazo bimwe bimwe vyerekeye uguhanahana urudandaza n’ubimwe bwa Buraya kuva Ubwongereza bwiyonkoye.

Ku musi wa gatatu, Prezida Biden azogendera ubumanuko bwa Irlande aho azomara imisi itatu mu gisagara ba sekuruza biwe babamwo.

Azogendera igisagara ca Ballina, aho sekuruza wiwe yabaye imbere yuko yimukira muri Reta zunze ubumwe za Amerika mu myaka yo hagati y’1800. Abo mu miryango yiwe niho bakiba. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG