Uko wahagera

Imyaka 29 Irarumanye Prezida Ntaryamira Aguye mu Ndege i Kigali


Umunyagihugu yunamira imva ya Prezida Ntaryamira
Umunyagihugu yunamira imva ya Prezida Ntaryamira

Imyaka 29 irarumanye umunsi ku yundi, Sipiriyano Ntaryamira yahoze ari prezida w’Uburundi aguye mu ndege yahenukiye I Kigali mu Rwanda. Iyo ndege yarimwo kandi Juvenal Habyarimana yari prezida w’u Rwanda ico gihe. Ni indege yahenuwe n’igisasi ca misile igeze hafi y‘ikibuga c’indege c’I Kanombe mu Rwanda ku mugoroba w’itariki ya gatandatu y’ukwezi kwa kane mu mwaka w’1994.

Umusirikare w'u Rwanda i ruhande y'ahahenukiye indege yarimwo Prezida w'Uburundi n'uw'u Rwanda
Umusirikare w'u Rwanda i ruhande y'ahahenukiye indege yarimwo Prezida w'Uburundi n'uw'u Rwanda

Umugambwe Sahwanya Frodebu Ntaryamira yakomokamwo, mw’itangazo wasohoye wasavye ahanini Reta y’Uburundi, guhagurukira ikibazo c’ubutunzi. Muri iryo tangazo, umugambwe Sahwanya Frodebu wavuze ko inyuma y’imyaka 29 Prezida Sipiriyano aguye mu ndege yarimwo n’abandi bubahwa b’abarundi, ukeneye umuco ku “ Bagize uruhara bose kw’ihenuka ry’iyo ndege, n’ico babikoreye”, kandi bagashengezwa mu butungane.

Umugambwe Sahwanya Frodebu wemeza ko yaba ubutungane bwo mu Burundi, yaba ubwo mu makungu, ata na bumwe “burubahuka ngo butinyuke gushengeza vyizewe mu butungane abagirwa n’ino dosiye.” Sahwanya Frodebu iti: “Abarundi n’imiryango y’ababuze bakeneye guhabwa ubutungane.”

Umugambwe Sahwanya Frodebu ubandanya usigura ko uko biri kose, uzokwama na ntaryo usaba reta y’Uburundi, amakungu na cane cane u Rwanda guca mu nzira zose za kidiplomasiya na politike kugira Abarundi bamenye ukuri kuzuye

Mu gice ca kabiri c’iryo tangazo, Sahwanya Frodebu yibukije ko ino tariki igeze mu gihe Uburundi “bwugarijwe n’ubukene butagira izina, n’iduga ry’ibicio vy’ivya ngombwa, gutyo uwo mugambwe wa Ntaryamira usaba reta ihari kwicarira iki kibazo mu gushiraho politike ituma gisezererwa burundu.

Yimikwa nka prezida w’Uburundi igenekerezo rya gatanu ry’ukwezi kwa kabiri ko mu 1994, Prezida Ntaryamira yashikirije ijambo ryashimikiye ahanini ku guhamagarira abarundi kugira ico yise “Disipirine” mu bisata bitandukanye, no kubumvisha ko umwansi rusangi, atari uwo mudasangiye ubwoko, umutumba canke umugambwe, ahubwo ari inzara, inzigo n’urwimo.

Umugambwe Sahwanya Frodebu wasozereye ijambo ryawo mu majambo ashusha nkayo ya Ntaryamira, aho wasavye Abarundi kubungabunga iragi ryiwe, biciye mu kwiyunga kutagira agahemo, kugira disipirine, gukunda akazi no guteza imbere igihugu.

Mu Burundi, ibirori vyo kwibuka imyaka 29 iheze Prezida Ntaryamira aguye mu ndege yahenuriwe i Kigali mu 1994, vyabereye ahari icibutso c'"Abamaratiri bazize Demokarasi. Ni ibirori vyitabiriwe na Prezida Evariste Ndayishiye ari kumwe n'umutambukanyi wiwe.

I Buruseri mu Bubirigi naho, Ambassaderi Terrence NTahiraja yatunganije igisabisho co kwibuka nyakwigendera Sipiriyano. Mu kiganiro yagiranye n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije, yamusiguriye ibitegekanijwe mu mihango yo kwibuka Ntaryamira.

Prezida Sipiriyano Ntaryamira yamaze amezi abiri gusa ku ntebe ya prezida w’Uburundi: Yimitswe igenekerezo rya gatanu ukwezi kwa kabiri ko mu 1994, agwa mu ndege yarimwo na prezida w’u Rwanda igenekerezo rya 6 z’ukwezi kwa kane ko mu 1994.

Abandi bategetsi b’Abarundi baguye muri iyo ndege, ni Cyriaque Nibizi yari ajejwe ubushikiranganji bwo guhanahana amakuru na Bernard Ciza yari ajejwe ubushikiranganji bwabarizwamwo ivy’akazi ka reta. Muri iyo ndege, harimwo kandi n’abandi bategetsi b’u Rwanda bari bakomakomeye, ndetse n’abadereva b’Abafransa bari batwaye iyo ndege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG