Uko wahagera

Mike Pence Ntazogarariza Sentare Kwishura ku Migumuko Yabaye kuri Capitol


Mike Pence
Mike Pence

Umuvugizi wa Mike Pence yahoze ari icegera ca perezida, yavuze ko uwo avugira atazonana kwitaba umucamanza amusaba kuzoja kwishura kuvyo azi mu matohoza ariko arakorwa ku twigoro twakozwe na Donald Trump n’abo bari bafatanije two kugerageza guhindura ivyavuye mu matora yo mu 2020.

Iyi ngingo ya Mike Pence ivuze ko ashobora kuzokwitaba mu ndwi ziri imbere sentare y’abanyagihugu (Grand Jury) i Washington.

Kw’itariki ya 6 y’ukwa mbere 2021 uwahoze ari perezida wa Amerika hamwe n’abanywanyi biwe barateye imigumuko ku nyubako y’inama nshingamateka, Capitol. Hari igihe Mike Pence yari arongoye ibikorwa vyo kwemeza intsinzi y’umudemokrate Joe Biden.

Abategetsi batari bake ba reta ya Trump baravuze ivyo bazi muri ayo matohoza. Baratumweko kandi no kuri dosiye y’amabanga y’igihugu Trump yatwaye avuye ku butegetsi. Ariko Pence niwe azoba abaye uwa mbere mu bategetsi b’ibihagararo gikuru mu kwishura ibibazo imbere ya sentare y’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG