Uko wahagera

Abana Bane Bicishijwe Ishoka muri Brezile


Bamwe mu bavyeyi babuze abana
Bamwe mu bavyeyi babuze abana

Umuntu yitwaje ishoka yishe abana 4 bakiri bato cane kw'ishule ry'abana bari musi y'imyaka itandatu mu gisagara citwa, Blumenau mu bumanuko bwa Brezile.

Uwo muntu w’imyaka 25 yakomerekeje abandi bana 4 igihe yinjira muri iryo shure hafi y’isaha zitatu zo mu gutondo uno musi ku wa gatatu. Hari amakuru avuga ko umwe muri abo bana ameze nabi cane. Igipolisi c’ahabereye ico gitero cabwiye abamenyeshamakuru ko uwo muntu yakoze ico gitero yishikanye. Ari mu minwe y’igipolisi.

Abajejwe kurwanya imiriro batangaje ko abana bagera kuri 40 bari mw’ishure igihe ryaterwa. Bavuze ko uwakoze ico gitero yasimvye uruhome kugira ashobore kwinjira mu nyubakwa abo bana barimwo, akaba yateye abo bana adatora. Abavyeyi b’abo bana bihutiye kuja kuri iryo shure igihe amakuru yerekeye ico gitero yakwiragira.

Abategetsi b’igisagara ca Blumenau bahagaritse amashure yose gushika ejo, n’imuburiburi. Bulamatari wa Reta ya Santa Catarina, aho igisagara ca Blumenau
kiri, yatangaje imisi itatu y’icunamo.

Si ubwa mbere haba igitero kw’ishure ry’abana bari musi y’imyaka 6 muri iyo reta. Mu mwaka w’i 2021, umuntu w’imyaka 18 yarishe abakozi batatu n’abana bato cane 3 bari mw’ishure y’abana bakiri bato mu gice citwa Saudades.

Prezida wa Brezil, Luiz Inacio da Silva, yatangaje mu butumwa ku rubuga, Twitter, ko ata bubabare buruta ubw’umuryango ubuze abana canke abuzukuru, cane cane bahitanywe n’ubwicanyi bukozwe ku bana ataco bagira badashobora kwivuna.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG