Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Amerika ari yo Ikwiye Kubazwa Ibibazo Biri muri Ukraine


Amafoto ya Prezida w'Uburuusiya, wa Ukraine n'uw'Amerika
Amafoto ya Prezida w'Uburuusiya, wa Ukraine n'uw'Amerika

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, uno musi ku wa gatatu, yabwiye ambasaderi mushasha wa Reta zunze ubumwe za Amerika i Moscou, Lynne Tracy ko Amerika ari yo ibazwa ibibazo biri muri Ukraine.

Hari igihe Prezida Putin yakira amakete agenna Lynne Tracy mu mabanga yiwe mashasha. Prezida Putin yabitangaje indwi imwe inyuma y’uko abategetsi b’Uburusiya bataye mu nvuto umumenyeshamakuru w’Umunyamerika, Evan Gershkovich. Bamwagiriza gusuma urusaku. Ni icagirizo catewe ivyatsi n’abategetsi ba Reta ya Amerika bavuze ko kitagira ishingiro.

Putin yagirije abategetsi ba Amerika ko bagumuye abanya Ukraine mu mwaka w’i 2014, mu vyatumye ata kundi igihugu ciwe cari kugira atari ugutera Ukraine. Imigederanire hagati y’Uburusiya na Amerika yaratosekaye bikomeye kuva Prezida Putin arungitse inteko z’igihugu ciwe muri Ukraine mu mwaka uheze.

Ambasaderi mushasha wa Amerika mu Burusiya, Lynne Tracy, avuga ururimi rw’Ikirusiya, amenyereye amabanga y’ubudiplomate, yarakoreye mu bihugu vyahoze biri mu bumwe bw’Abasoviyete vya Georgia, Kazakhstan, Kyrgyzstan na Turkmenistan.

Abaye Ambasaderi mu gihe c’imigenderanire mibi cane itari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka itari mike hagati ya Amerika n’Uburusiya. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG