Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, na perezida wa komisiyo y’ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, bashitse mu bushinwa kuri uyu wa gatatu. Bari mu rugendo rw’imisi itatu rutumbereye kuganira na Prezida Xi Jinping ku guhanahana urudandaza, agateka ka muntu hamwe n’intambara muri Ukraine. Rubaye Ubushinwa n’Uburusiya bariko baratsimbataza imigenderanire hamwe n’ubucuti.
Rubaye kandi urugendo rwa mbere Prerezida Macron akoze mu Bushinwa kuva mu 2019. Eka ni n’ubwa mbere von der Leyen agendeye ico gihugu nk’umukuru wa komisiyo y’ubumwe bwa Buraya.
Abasesenguzi mu bijanye n’imigenderanire bavuga ko ata kintu urwo rugendo rwitezweko kuvamwo. Babona ko abo bategetsi babiri boba bagiye gusaba Ubushinwa kugabanya gushigikira Uburusiya mu rugamba burimwo muri Ukraine.
Vyitezwe ko Perezida Macron na von der Leyen bazoganira na Perezida Xi Jinping ku musi wa kane.
Ubushinwa buza ku mwanya wa mbere mu guhanahana ibidandazwa n’ubumwe bwa Buraya. (VOA News)
Facebook Forum