Uko wahagera

Reta ya Kenya Igiye Kuganira n'Abo Batavuga Rumwe


Abadepite mu nteko ishinga amategeko ya Kenya bari mu mirimo isanzwe y'inteko
Abadepite mu nteko ishinga amategeko ya Kenya bari mu mirimo isanzwe y'inteko

Ivyaha abashingamateka bane bo mu mugambwe utavuga rumwe na Reta ya Kenya vyahanaguwe, umusi umwe inyuma y'uko Raila Odinga, umunyapolitike atavuga rumwe na reta ahagaritse imyiyerekanso yari itegekanijwe n'umugambwe wiwe.

Iyo ngingo yo guhagarika imyiyerekano yabaye inyuma y’imisi itatu y’akamo gakomeye katewe n’abayobozi b’amadidni, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’amakungu. Izotuma ibibazo vyashikirijwe na Raila Odinga vyihwezwa na reta. Abo bashingamateka 4 bari bahagaritswe haraheze indwi zibiri.

Raila Odinga yari yasavye ko haba imyiyerekano kabiri mu ndwi inyuma y’uko ahakaniye ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, yabaye mu mwaka uheze. Yaranebaguye kandi ukugene reta iriko ivyifatamwo ku bijanye n’ikibazo c’ubuzima bw’abanyagihugu butera buzimba kurushiriza. Muri iyo myiyerekano, igipolisi caratanye mu mitwe n’abari muri yo bagwiriyemwo abakiri bato.

Ukutumvikana hagati y’abanyapolitike muri Kenya vyarageramiye umutekano w’igihugu. Kuba hazoba ibiganiro hagati yabo vyarakiwe neza n’abatari bake. Prezida wa Kenya, William Ruto, yarashimye ingingo ya Raila Odinga yo guhagarika imyiyerekano. Yamara Odinga yasavye ko reta yishura ku vyo asaba mu kiringo c’imisi indwi. Ngo atari uko bazosusubira kwihereza amabarabara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG