Uko wahagera

RDC: Abashika 64 Baraburiwe Irengero mu Kiyaga Kivu


Abarokotse mu kiyaga Kivu
Abarokotse mu kiyaga Kivu

Abantu batandatu bapfuye abandi 64 baraburirwa irengero, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mu kiyaga Kivu, mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo, mu gatondo ko kuri uyu wa mbere.

Mustapha Mamboleo, umutegetsi wo mu ntwaro yo hasi mw’izinga rya Idjwi rikikujwe n’ico kiyaga, yavuze ko abantu 150 ari bo bari muri ubwo bwato. Bwariko bwerekeza i Goma buvuye muri iryo zinga. Yavuze kandi ko abandi 80 barokotse.

Mathieu Alimasi Malumbi, umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu mu ntara ya Kivu y’ubumanuko, yavuze ko bakiriko bararondera abazimiye no gutohoza kucateye iryo sanganya.

Amasanganya y’amato mu mazi aramenyerewe muri Kongo, aho amato akunze gupakira ibirenze urugero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG