Igihugu ca Finlande ejo ku musi wa kabiri, kizoba ikigira ica 31 cinjiye icese mw’ishirahamwe ryo kwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantika, OTAN.
Idarapo rya Finlande risoduzwa ejo ku musi wa kabiri ku cicaro ca OTAN igihe ico gihugu kizoba cakiriwe. Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, ni we wabitangaje, umusi umwe imbere y’inama ikomeye cane y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’iryo shirahamwe i Buruseri mu Bubiligi.
Prezida wa Finlande, Sauli Niinisto, azoshikiriza ijambo mu birori vyo kwemererwa icese kw’igihugu ciwe cinjiye mw’ishirahamwe OTAN.
Mu kiringo c’amezi atari make, ibihugu vya Turkiya na Hongriya vyari vyarwanije umugambi wo kwemererwa kwa Finlande. Muri iki gihe kandi, ivyo bihugu bikiriko birakora ibishobotse vyose kugira ngo igihugu c’Ubuswede nticemererwe muri iryo shirahamwe.
Inama nshingamateka ya Turkiya yarakuyeho inzitizi ya mbere ku vyerekeye Finlande mu matora yabaye mu ndwi irangiye.
Facebook Forum