Uko wahagera

Ukraine: Abantu Batandatu Barishwe na Misile z'Uburusiya


Vista de la localidad de Avdiivka, en Ucrania, arrasada por la ofensiva rusa en la región de Donbás.
Vista de la localidad de Avdiivka, en Ucrania, arrasada por la ofensiva rusa en la región de Donbás.

Misile z’Uburusiya zishe abantu batandatu kuri uyu w’Imana mu bice bibamwo abantu mu gisagara ca Kostyantynivka, hafi ya Bakhmut, mu buseruko bwa Ukraine. Ni mu gihe Prezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashimiye abasirikare biwe ku co yise guhangana n’igisirikare gikomeye co muri iki kinjana gihungabanya ikiremwa muntu.

Zelensky yabivuze aho bibuka umwaka urangiye hatowe ibiziga vy’abasivile mu gisagara ca Bucha, hafi y’umurwa mukuru Kiev. Ubwo bwicanyi cabaye icibutso c’ivyaha vyo mu ntambara vyagirizwa Uburusiya.

Uburusiya bwagiriza Ukraine n’abo bicuditse kuba ari bo babikoze kugira mu nyuma babibwegekeko.

Uyu mwaka uheze ubwo bwicanyi bubaye bihuriranye nuko Uburusiya bushikiriwe kurongora akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi.

Ugutana mu mitwe gukomeye kurabandanya mu micungararo y’igisagara ca Bakhmut, ahamaze amezi harwanirwa bikomeye. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG