Uko wahagera

Somaliya: Inzara Yugarije Aba Isilamu Bapfunze


Mu bice vya Somaliya bisinzikajwe n’uruzuba rwinshi, abari bamaze imisi bari mu bihe bitagatifu vyo kwisonzesha, “Ramazani”, barabandanya kwubahiriza uyu muco, ataco bafise co gufungura uretse amazi yonyene.

Mu gihe hagera ko aba Islamu kw’isi yose baja hamwe mu miryango yabo gufungura bahimbaza irangiza ry’ibihe vy’amasengesho, imwe mu miryango yo muri Somaliya yikora ku amazi yo nyene. Abanyasomaliya bashika ku bihumbi 43 bitavye Imana mu mwaka uheze mu gihe abandi bataye ingo zabo bahunga kurondera icorirenza. Abandi bari mu nkambi z’abataye izabo ku murwa mukuru Mogadishu.

Uyu mwaka ibihe bitagatifu ku Bayislamu vyo kwisonzesha vya Ramazani – vyahuriranye n’ikiringo kirekire ca mbere c’uruzuba rw’akataraboneka muri Somaliya.

Ibihe vya Ramazani vyatumye ibiciro vy’impfungugwa vyiyongera mu gihugu. Vyari bisanzwe vyaraduze ku ruhande rumwe kubera intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine, ahandi naho, kubera imvura itatasuye incuro zitanu. Ivyo bihe vyaratumye kandi ibitungwa imiriyoni n’imiriyoni vyari mu vyo abanyagihugu bifashisha mu bafungura bihona.

Ivyo vyose biri mu vyatumye impfungugwa zikena cane ku miryango yataye ingo zabo. Abo banyagihugu bazera ubukiriro ku mpfashanyo ziva ku bagiraneza

Ibihugu vyo mw’ihembe rya Afrika bikura nyinshi mu mpfunguro zabo mu biterwa biva muri Ukraine. Ikindi n’uko ibiro vya ONU bijejwe impfugwa kw’isi bimenyesha ko ibintu vyinjira mu gihugu vyasa n’ivyinjira neza ariko urudandazwa rugigwa mu bihe vya Ramadani rusa n’urutumye haba ikena ry’impfungurwa ku miryango yahora isumira mu masoko rusange.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG