Uko wahagera

Afrika Isaba Amakungu Gufasha Kurwanya Iterabwoba muri Sahel


Abarwanyi ba Al Qaeda,
Abarwanyi ba Al Qaeda,

Ibihugu vya Afrika biriko birasaba amakungu guhindukiza amaso akaraba ingene iterabwoba risinzikaje uwo mugabane, cane cane mu karere ka Sahel. Abakuru b’ibihugu vya Afrika babwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko abanyafrika bagize hafi ica kabiri c’abariko barahura n’ibikorwa vy’iterabwoba.

Prezida wa Mozambike, Filipe Nyusi, yabwiye ako kanama kuri uyu wa kabiri ko iterabwoba ari ikibazo gihanze isi, ariko kandi ko Afrika igeze mu bihe vyo kugarukirwako. Amajambo yiwe yashigikiwe n’abandi baserukira ibihugu vya Afrika muri ONU, nabo bariko barahura n’ibibazo vy’iterabwoba.

Kubwa ONU, ibihugu vyo mu karere ka Sahel bigizwe na Burkina Faso, Kameruni, Cadi, Gambiya, Gineya Ekwatoriyare, Moritaniya, Mali, Nijeri, Nijeriya na Senegal.

Itohozwa riheruka gukorwa kw’iterabwoba kw’isi, ryerekanye ko abicwa n’iterabwoba biyongereye ku bice 2.000 kw’ijana mu myaka 15 iheze. Burkina Faso iza ku mwanya wa mbere muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG