Uko wahagera

Burundi: Abantu 4 Baramaze Guhitanwa n'Indwara Ifise Ibimenyetso nk'Ivya Ebola


Ikarata yerekana aho Uburundi buherereye ugereranije na Tanzaniya na Kongo
Ikarata yerekana aho Uburundi buherereye ugereranije na Tanzaniya na Kongo

Kuva ku musi wa mbere w'iyi ndwi turiko turasozera, abantu bane baramaze guhitanwa n'indwara itaramenyekana mu ntara za Muyinga na Kirundo mu buraruko bushira ubuseruko bw'Uburundi.

Abitavye Imana baba bafise ibimenyetso vy'indwara ya Ebola. Ibipimo vya mbere bimaze gukorwa n'ikigo c'igihugu kijejwe amagara y'abantu INSP vyerekanye ko ata mugera wa Ebola urimwo ariko hari ibindi bipimo bikirindiriwe.

Babiri mu bapfuye baba ku musozi umwe wa Migwa muri zone Baziro muri komine Gitobe, intara ya Kirundo mu buraruko bw’Uburundi. N’umugwayi wa mbere yitavye Imana ni ho yabonetse ku musi wa mbere aca apfa bukeye igenekerezo rya 21 uku kwezi kwa gatatu umwaka w’i 2023. Ni umukenyezi w’imyaka 42 yari yafashwe ku musi wa mbere nk’uko abajejwe amagara y’abantu aho mu Gitobe bavyemeza. Ingwara yaramunyarukije kuko yafashwe isaha icenda z’umugoroba aca acikana isaha cumi z’agatondo bukeye nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika avyemeza co kimwe n’abajejwe amagara y’abantu muri ako karere.

Ku musi wa kane, hapfuye abantu babiri. Umukenyezi afise imyaka 47 y’amavuko wo ngaho nyene i Baziro hamwe n’umunyeshure wo mw’ishure nshingiro ryo muri komine Butihinda mu ntara ya Muyinga ihana urubibe na Kirundo mu buraruko bushira ubuseruko.

Uwa mbere yafashwe bukumbi mu gihe yari avuye gusoroma imboga. Hagati y’isaha cumi n’imwe n’isaha cumi na zibiri n’iminota 42 ku mugoroba wo kuwa kane yari amaze kwitaba Imana inyuma yo kuva amaraso menshi mu mazuru no mu kanwa nk’uko abari bahari bavyemeza.

Ku muhingamo wo kuri uwo musi wa kane nyene, umwana w’umwigeme wo kw’ishure nshingiro rya Kobero muri komine Butihina hafi y’umupaka wa Tanzaniya yacikanye amaze kugezwa ku bitaro vya komine Giteranyi muri iyo ntara nyene. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwavuze ko nyakwigendera yari afise imyaka 18. Yari yafashwe adahwa, acibwamwo amaraso , yongera ava amaraso mu myenge y’izuru.

Inyuma y’urupfu ry’uwo mwigeme w’i Kobero, abantu batari bake baragize ubwoba aho i Muyinga na cane cane abegereye urubibe rwa Kobero Uburundi buhana na Tanzaniya bibaza ko ari ikiza ca Ebola coba cateye mu gihugu canke uwundi mugera bifitaniye isano wa Marburg uherutse gutangazwa muri Tanzaniya. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwahavuye busohora itangazo bumenyesha ko ivy’abantu biketse atari vyo.

“Kubera igihugu kibanyi ca Tanzaniya cari catangaje ko catewe n’ikiza c’inyonko iterwa n’umugera witwa Marburg, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida bwaciye bwihutira kurungika abahinga gufata ibipimo kuri uwo muntu yitavye Imana n’abo begeranye. Mu nyishu ikigo INSP catanze muri ivyo bipimo vyakozwe vyarerekanye ko ata ndwara y’umugera wa Marburg canke wa Ebola yari afise”, ni ko itangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga ntayegayezwa w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ryasohotse kuwa 22 uku kwezi rivuga.

Mu Gitobe, abashengeye bafashwe bababara mu nda no mu ruhago, bava amaraso mu myenge y’izuru, cane cane umwanya wo gucikana, baribwa cane mu mutwe, bafise ubushuhe burenze bongera badahwa banacika intege bakikubita hasi. Mu bitaro vyo ku muwa mukuru wa Kirundo, ku musi wa gatanu mw’ijoro habonetse uwundi murwayi afise bene ivyo bimenyetso nyene nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yabitubwiye. Yiyongereye ku wundi w’i Baziro, umusore w’imyaka 23 yafashwe ku musi wa kane isaha imwe y’ijoro aca anyarukanwa kw’ivuriro rya Migwa muri komine Gashoho mu ntara bihana urubibe ya Muyinga ihegereye. No muri komine Ntega mu ntara ya Kirundo nyene, Ijwi ry’Amerika ryamenye ko hari abandi bwarwayi bafise bene ivyo bimeneyetso bamaze kuhaboneka.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe n’abanyagihugu batashimye ko umwidondoro wabo uja ahabona, ni uko abanyagihugu ba Migwa banse ko hari abandi barwayi bahajana bavuga ko batinya kwandura iyo ndwara. Na bamwe mu baforoma bavuga ko ivyo babonye vyabateye ubwoba. “ Ni indwara yica bukumbi. Musi y’amasaha 24 uwifashe aba asezeye isi. Biteye ubwoba kandi abantu bose batekewe n’ubwoba ubu”, ni ko umwe mubaforoma asigura.

Bamwe mu banyagihugu basaba Reta gufata mu minwe ikibazo c’iyi ndwara no kurungika ibipimo mu bihugu n’ama laboratware afise ubushobozi n’ubuhinga buruta ubw’ikigo INSP kijejwe amagara y’abantu mu Burundi. Igituma batinya cane ni uko akarere barimwo k’uburaruko bushira ubuseruko bw’Uburundi katari kure y'akarere ka Kagera mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzaniya , umushikiranganji wa Tanzaniya w’amagara y’abantu, Ummy Mwalimu yatangaje kuwa 21 uku kwezi ko indwara iterwa n’umugera wa Marburg imaze kuhica abantu 5, 3 bakaba bari ku musego kubera yo.

“Hari umurwi w’abahinga bo mu bushikiranganji i wacu hamwe n’aba OMS baroye mu Gitobe no mu Kirundo kuraba uko ibintu vyifashe. Tuzomenya neza ukuri nibamara gufata ibipimo maze bakabizana muri INSP’, ni ko isoko ry’Ijwi ry’Amerika mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu ryatubwiye.

Umugera witiriwe Marburg uboneka gake kandi ushobora no gufata ibikoko vyo mu bwoko bw’imamfu, inkende, n’inguge. Kugera ubu nta rucanco canke umuti uvura indwara utera biraboneka nk’uko bishikirizwa n’ikigo mpuzamakungu kijejwe amagara y;abantu OMS.

Mu Kirundo kiretse ko hafashwe ingingo zibuza abantu kuramukanya bakorana mu minwe bagasabwa kuguma bakaraba n’isabuni n’amazi meza, nta zindi ngingo ziratangazwa n’abajejwe intwaro hamwe n’amagara y’abantu.

Iyi ndwara itaramenyekana yibonekeje inyuma yaho Reta itangarije kuwa 17 uku kwezi kwa gatatu ko hadutse ikiza c’indwara y’ubukangwe, inyuma y’imyaka 30 yose iyo ndwara yaraciwe mu gihugu c’Uburundi ibiharuro vya OMS vyerekana ko abana baronswa incanco ku bice 90%.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG