Uko wahagera

Abashinwa 9 Barishwe n'Abataramenyekana muri Santrafrika


Abantu hafi amajana abiri barakoze imyiyerekano muri iyi ndwi muri Repuburika ya Santrafrika. Iyo myiyerekano yari iyo gushigikira Uburusiya n’Ubushinwa inyuma y’aho abashinwa icenda biciwe muri ico gihugu mu gitero c’abitwaje ibirwanisho.

Reta ya Santrafrika yagirije ico gitero abarobeli, ariko nta vyemeza yatanze. Abarobeli nabo batunga urutoke umurwi w’abacangero b’Abarusiya, Wagner, bari i Bangui kuva mu 2018 gucungerera reta umutekano.

Umushakashatsi wo mw’ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana ivy’intambara, International Crisis Group, Charles Bouessel, avuga ko atari ubwa mbere abakozi b’abashinwa bicwa mu gitero muri Santrafrika. Mu 2019, abakozi batatu b’abashinwa barishwe n’abanyagihugu babagiriza kutubahiriza amategeko y’igihugu.

Abdoulaye Diarra, umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, akorera i Dakar, muri Senegal,yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bigoye kumenya abishe abo bashinwa ku musi wa gatatu.

Mu ntango z’iyi ndwi, prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping yasavye Santrafrika guhana bikomeye ababishe .(VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG