Umwami w'Ubwongereza, Charles III yasibishije urendo yari gutangura mu Bufransa ku musi w'Imana, abisabwe na Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron, kubera imyiyerekano ibandanya mu Bufransa. Iyo myiyerekano yatewe n’ingingo ya Prezida Macron yo guhindura imyaka Abanfransa bazotangurirako akaruhuko ko mu za bukuru.
Vyari bitegekanijwe ko Umwami Charles III n’Umwamikazi Camilla bashika mu Bufaransa ku musi w’Imana ku muhingamo, imbere y’uko bamara umusi umwe ku murwa mukuru, Paris. Ku musi wa nyuma baja mu gisagara ca Bordeaux, kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubufransa ku musi wa kabiri w’indwi buca itangura.
Ibiro vya Prezida Macron vyatangaje ko ingingo yo gusibisha urugendo rw’Umwami Charles III yafashwe inyuma y’uko Macron avuganye nawe kuri telefone mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu. Itangazo ry’ibiro vya Prezida Macron ryamenyesheje ko kubera akamo katewe k’iyindi myiyerekano ku musi wa
kabiri, itariki 28 y’uku kwezi yo kwiyamiriza ingingo yo guhindura imyaka abafransa batangurirako akaruhuko ko mu za bukuru.
Itangazo ry’ibiro vya Prezida Macron ryamenyesheje ko iyo ngingo yo gusivya uru rugendo yafashwe kugira Ubufransa bushobore kwakira Umwami Charles III mu buryo bwerekana imigenderanire ya kivandimwe hagati y’igihugu ciwe n’Ubwongereza.
Iryo tangazo rivuga ko urugendo rw’Umwami Charles III ruzosubira gutegekanywa mu buryo bwihuta bushoboka. Ni rwo rugendo rwa mbere umwami Charles III yari kuba agize mu mahanga kuva ashikiye amabanga yiwe mu kwezi kw’icenda mu mwaka urangiye w’i 2022. (AFP)
Umwami w'Ubwongereza Yasibije Urugendo Rwiwe mu Bufaransa

Facebook Forum