Uko wahagera

 
Londres: Umunyanijeriya Yaguze Umwana Amuronderamwo Ifyigo Akurikiranwa n'Ubutungane

Londres: Umunyanijeriya Yaguze Umwana Amuronderamwo Ifyigo Akurikiranwa n'Ubutungane


Ike Ekweremadu
Ike Ekweremadu

Abashikirizamanza mu Bwongereza bavuze ko uwahoze ari umusenateri w’umunyenijeriya hamwe n’umukenyezi wiwe bagiriwe n’icaha muri sentare y’i Londres. Bagirizwa kuba baratwayeyo umwana w’umuyabaga yahora acururiza mw’ibarabara muri Nijeriya kugira bamukuremwo ifyigo barihe umwana wabo w’umukobwa arwaye.

Ike Ekweremadu, yahoze ari icegera c’umukuru wa sena hamwe n’umugore wiwe, Beatrice, bagirizwa kuba barishe uwo mwana 8.000 vy’amadorari. Baramuhaye kandi n’uburusho bwatuma aza ararungikira amafaranga umuryango wiwe muri Nijeriya.

Umuganga yagira amukuremwo iryo fyigo yaragize amakenga inyuma yo gusanga uwo mwana atateguwe ngo abwirwe ingaruka z’ivyo agira akorerwe hamwe n’uburyo azobandanya akurikiranwa n’abaganga. Yavuze ko atari azi n’ico yazanwe gukora kwa muganga.

Uwo musenateri n’umugore wiwe bafatiwe ku kibuga c’indege i Londres bariko bagerageza kuja muri Turukiya kurondera uwundi yobaha iryo fyigo.

Urubanza rwabo ruzosomwa kw’itariki 5 z’ukwa gatanu. (AP, Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG