Umushikiranganji ajejwe ikigega w'igihugu ca Ghana, Ken Ofori-Atta, azogira urugendo ku murwa mukuru w'Ubushinwa, Beijing ku musi wa gatatu w'iyi ndwi. Azoba agiye kubonana n'abategetsi b'Ubushinwa kugira baganire ku kugene bosubira gutunganya gushasha ikibazo c'amadeni Ghana ifitiye ico gihugu.
Bitegekanijwe ko ivyo biganiro n’abategetsi b’Ubushinwa, bizoba ku musi wa kane no ku wa gatanu w’iyi ndwi dutanguye, bishimikira ku vyerekeye kugabanya umuzigo w’amadeni ya Ghana hamwe n’uguhumurizwa ku yandi mafaranga agenewe imigambi y’iterambere y’ico gihugu.
Ubushinwa ni co gihugu cahaye amadeni menshi cane Ghana kurusha ibindi kw’isi. Ghana ifitiye Ubushinwa amadeni y’agaciro kagera ku muliyaridi n’imiliyoni amajana indwi y’amadolari muri iki gihe.
Ghana, ihanganye muri iki gihe n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi, yarashitse ku masezerano akomeye n’ikigega mpuzamakungu, FMI mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2022. Ayo masezerano ni ay’ingurane y’imiliyaridi 3 z’amadolari. Ico Reta ya Ghana iriko ishimikirano muri iki gihe ni ugutuma ayo mafranga yemezwa n’urwego rw’abayobozi b’ikigega mpuzamakungu, FMI.
Umurwi w’abategetsi baserukira Ubushinwa baragendeye Ghana muri uku kwezi, mu biganiro vyo mu ntango n’abategetsi b’ubushikiranganji bujejwe ikigega. Batangaje ko ivyo biganiro vyaranzwe n’umutima wa kivandimwe kandi vyabaye ngirakamaro. (Reuters)
Facebook Forum