Uko wahagera

Amerika Yemereye Imiriyoni 150 Akarere ka Sahel


Antony Blinken kumwe na Prezida wa Nijeriya
Antony Blinken kumwe na Prezida wa Nijeriya

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Antony Blinken, yatangaje imfashanyo nshasha y'imiliyoni 150 y'amadorari igenewe akarere ka Sahel. Ni mu rugendo yagize ejo ku musi wa kane muri Nijeri, igihugu Amerika ibona ko gikomeye cane mu rugamba rw'ukurwanya imigumuko y'intagondwa z'abayislamu.

Antony Blinken yavuze ko iyo mfashanyo igenewe impunzi, abarondera ubuhungiro n’abandi bageramiwe n’intambara n’ikibazo c’ibifungurwa mu karere ka Sahel. Iyo mfashanyo izoronswa ibihugu vya Nijeri, Burkina Faso, Cadi, Mali na Moritaniya, hamwe n’impunzi zo mu karere ka Sahel ziri muri Libiya.

Urugendo rwa Blinken muri Nijeri ni rwo rwa mbere rugizwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika. Ni ikimenyetso gikomeye cerekana ko Amerika ishigikiye ico gihugu cagize intambwe zigereranye mu rugamba rw’ukurwanya imirwi igwanya ubutegetsi. Ico gihugu kandi kiravyifashemwo neza mu bijanye na demokrasi mu karere gakunda kubamwo amakudeta.

Urugendo rwa Blinken ni rumwe mu zikozwe n’abategetsi ba Amerika ku mugabane wa Afrika. Amerika iriko igerageza gukomeza imigenderanire n’uwo mugabane aho igihagararo n’inguvu z’Ubushinwa bikomeye cane, kandi ibihugu bitari bike vyo muri Afrika bifitaniye imigenderanire myiza n’Uburusiya.

Ibihugu vya Nijeri co kimwe n’ibihugu bibanyi vya Mali, Burkina Faso, Nijeriya na Cadi bihanganye n’intagondwa z’abayisilamu bishe abantu ibihumbi n’ibihumbi, abandi imiliyoni n’imiliyoni barava mu vyabo. Baranafashe ibice bitari bike mui ivyo bihugu. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG