Uko wahagera

Amerika Yiteze Ibitero vya ISIS ku Nyungu z'Ibihugu vyo mu Burengero


Lyetena jenerali Michael E. Kurilla yishura ibibazo vya komisiyo ya sena, kw'itariki ya 16/03/2023, Capitol Hill, i Washington.
Lyetena jenerali Michael E. Kurilla yishura ibibazo vya komisiyo ya sena, kw'itariki ya 16/03/2023, Capitol Hill, i Washington.

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika kivuga ko umwe mu mihari ishamikiye kuwa reta ya kiyisilamu utegura kugaba ibitero ku nyungu z’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

Jeneral Michael Kurilla, wo mu biro bikuru vya gisirikare vya Amerika, yabwiye abashingamateka ko umuhari w’iterabwoba witwa, IS-Khorason canke ISIS-K, ushobora kuzogaba ibitero ku nyungu za Amerika mu karere ka Aziya. Ivyo bitero kandi bishobora no kuzotumbera ku nyungu z’ibihugu vyo mu burengero bw’isi muri rusangi, mu kiringo kiri munsi y’amezi atandatu.

Ibi uwo mujenerali abivuze haheze umwaka n’igice abasirikare ba nyuma ba Amerika bavuye muri Afuganistani. Kuvayo kwabo kwatumye Amerika itagifise ubushobozi bwo gutororokanya amakuru y’igendereza ku mihari nka IS-Khorasan canke al-Qaida.

Jenerali Kurilla si we mutegetsi wa mbere wo muri reta ya Amerika avuze ko igitero cokorwa n’uwo muhari.

Mu kwezi kw’icumi, 2021, haheze amezi Amerika ivuye muri Afuganistani, umutegetsi agira gatatu mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika yaragabishije ko umuhari IS-Khorasan wariko urisuganya ngo ugabe ibitero mu mezi ari munsi ya 12. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG