Uko wahagera

Umuhungu wa Museveni Yipfuza Kuzoba Prezida wa Uganda


Major General Muhoozi Kainerugaba
Major General Muhoozi Kainerugaba

Umuhungu wa Prezida wa Uganda yashikirije ubutumwe ku rubuga twitter rwerekana ko ahanze ijisho intebe y’umukuru w’igihugu.

Muhoozi Kainerugaba yarigeze gucisha ubutumwa kuri Twitter avuga ko Uganda ishobora gutera igihugu kibanyi ca Kenya hamwe n’ubwashimagiza Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin. Yarigeze no gushikiriza ubutumwa yemerera ubusho bw’inka umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano.

Naho ubwo butumwa acisha kuri Twitter bufatwa n’abatari bake nk’akajajuro, ubutumwa aherutse kurungika buvuga ukuntu azosubirira se mu kibanza co kurongora Uganda, burateye amakenga abatari bake.

Abaganda benshi bipfuza ko politike yo mu gihugu cabo ihinduka cane inyuma y’imyaka irenga 30 ico gihugu giturwa n’umuntu umwe. Yamara umuhungu wa Prezida Yoweri Museveni ariko aratangaza ko intsinzi ari rwiwe.

Muri ubwo butumwa yacishije kuri Twitter muri uku kwezi, Kainerugaba, yanditse agira ati: “Nzoba prezida wa Uganda, igihe data azoba yarangije.” Yongeyeko ati: “Abantu bose bagwanya ukuri, bazotangara”.

Museveni afise imyaka 78, kandi amaze imyaka 37 ku butegetsi, ntaratangaza igihe azobuvirako.

Kainerugaba afise ipete rikomeye mu gisirikare rya jenerali, ajejwe inzego zose z’umutekano zikorera Prezida Museveni. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG