Uko wahagera

Ibiciro vy'Ibifungurwa vya Nkenerwa mu Burundi Vyaduze Cane


BURUNDI PRICES
BURUNDI PRICES

Ibiciro vy'ibifungurwa vya nkenerwa mu Burundi muri kino gihe vyabaye ndanse. Hari ivyaduze incuro zitatu zose n'izirenga mu mezi atagera kuri atatu.

Umuceri n'ibiharage nk'akarorero ikiro kimwe ubu kigurwa amafaranga angana n'ibihumbi bine vy'Amarundi. Baba abaguzi canke abacuruza bavuga ko kuva Uburundi bwitwa izina ibi biribwa biboneka cane kw'isahani y'Umurundi bitari bwigere biduga gushika kuri urwo rugero.

Bimwe mu bifungurwa vya nkenerwa vyaduze ibiciro mu Burundi incuro zibiri zirenga
Bimwe mu bifungurwa vya nkenerwa vyaduze ibiciro mu Burundi incuro zibiri zirenga

Imiryango myinshi yemeza ko gufungura rimwe ku musi ibifata nk'amahirwe adasanzwe. Prezida Ndayishimiye amenyesha ko ubukene bw'amahera y'agaciro n'abashorera umwimbu mu bihugu bibanyi ari yo mvo nyamukuru y'iduga ry'ibiciro. Abarundi nta mwizero abaha agira ati: nta robine mfise nja kuyavomamwo.

Umukenyezi wo ku murwa mukuru wa politike Gitega yavuganye n'Ijwi ry'Amerika, yasiguye ko abana biwe bahevye amashure bitewe n’uko baja ku masomero ataco bashize mu nda bakongera bakarara inzara.

Uwundi mukurambere wo mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero nawe yabwiye Ijwi ry'Amerika ko kuva avuka atari bwabone iduga ry’ibiciro ry’aka kagene. Asanga ko abanyagihugu bari bakwiye imfashanyo y’imfungurwa.

Bamwe mu bakenyezi bemeza ko hari bagenzi babo bahitamwo kuja kwigurisha kugira bikunde bagaburire imiryango. Fyonda munsi wumve ubuhamya bw'abatandukanye muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Ikibazo c'Ibiciro Biduga Cifashe Gute mu Burundi?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00

Wa wundi ati amarushwa ntasiga ayandi, iduga ry’ibiciro ribangabananywe n’ikena ry’igitoro rimaze kwisubiriza incuro zirenga zine kuva mu mpera z’umwaka uheze mu Burundi.

Naho ibiciro biguma biduga, umukuru w’inama nshingamateka, Daniel Gelase Ndabirabe we avuga ko umwimbu ari rya nawe mbere agahamagaira Abarundi kugemurira Abanyabulaya yemeza ko bagesejwe na kigoyi.

Umukuru w’ishirahamwe Olucome afatiye kubitegakanywa n’abahinga avuga ko ibintu bizotera vyunyuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG