Uko wahagera

Soumare Yatawe mu Mvuto Yagirizwa Kubeshera Prezida wa Senegali


Cheikh Haguibou Soumare, yahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Senegali
Cheikh Haguibou Soumare, yahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Senegali

Cheikh Haguibou Soumare, yahoze ari umushikiranganji wa mbere muri Senegal, yaratawe mu mvuto ku musi wa kane, inyuma y'uko atangaje ku mugaragaro ko Prezida, Macky Sall, yahaye amafranga umunyapolitike w'umufransa, Marine Le Pen, igihe aheruka kugendera ico gihugu.

Adama Gueye yunganira Cheikh Haguibou Soumane yabwiye abamenyeshamakuru, ku musi wa kane, ko ataramenyeshwa ivyo yagirizwa. Reta imwagiriza ko yagerageje kwambika iceyi Prezida Macky Sall mu gushira ahabona ikete ryatangaje ko Sall yahaye amafranga umunyapolitike w’umufransa, Marine Le Pen, wo mu mugambwe, “Rassemblement National”.

Marine Le Pen yarahiganywe, aratsindwa mu matora y’umukuru w’igihugu mu Bufransa yabaye mu mwaka urangiye. Yagendeye igihugu ca Senegal mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka w’i 2023.

Mw’ikete ryasohotse mu ndwi iheze mu binyamakuru vyo muri Senegal, Soumare, yabaye umushikiranganji wa mbere kuva mu mwaka w’i 2007 gushika mu mwaka w’i 2009, yagirije Prezida Sall ko yahaye Marine le Pen imiliyoni 12 y’ama euro avuye mu gihugu gikenye agaherezwa umunyapolitike w’umufransa.

Muri iryo kete, Soumare yatangaje ko hamwe vyoba ari vyo, Macky Sall yotegerezwa guha umuco abanyagihugu ku vy’uko yoba yatanze ayo mafranga nk’umukuru w’igihugu ca Senegal canke nk’umukuru w’umugambwe.

Mw’itangazo muri iyi ndwi, Reta ya Prezida Sall yarateye ivyatsi yivuye inyuma iryo kete rya Soumare. Yariyamirije ivyo yatangaje ko ari ibinyoma vyambaye ubusa vyerekana ugushaka kwambika iceyi umukuru w’igihugu hamwe n’ukugeramira urwego aserukira n’imigenderanire hagati ya Senegal n’Ubufransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG