Uko wahagera

Uganda: Ubuhinga bwa Nikereyeri mu Kugwiza Umuyagankuba


Uganda yatangaje ko igiye gutangura gukoresha ubuhinga bwa nikereyeri mu kugwiza umuyagankuba.

Reta ya Uganda yatangaje ko itegekanya ko umuyagankuba w’ubushobozi bushika kuri megawati 1000, uzotangura kuboneka mu mwaka w’2031, muri iki gihe iriko iragerageza uburyo butandukanye bw’amasoko y’umuyagankuba.

Ivuga ko iriko ishira mu ngiro uyo mugambi kubera ihinduka ry’ibihe. Igihugu ca Uganda kirafise ubutare bwa “uranium” mu bubiko bwaco kandi Prezida Yoweri Museveni aramaze gutangaza ko reta yiwe ishobora kwikora kuri ubwo butare mu kurondera ayandi masoko ntanganguvu.

Uganda irafitaniye amasezerano n’Ubushinwa avuga ko ibiro vy’igihugu c’Ubushinwa bijejwe amasoko ntanganguvu nikereyeni, kizofasha mu mugambi wa Uganda wo kwubaka ubushobozi n’amasoko ntanganguvu buzokoreshwa mu migambi y’amahoro. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG