Uko wahagera

USA: Icegera c'Umushikiranganji w'Ikigega mu Rugendo muri Afurika


Icegera c’umushikiranganji ajejwe ikigega muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Wally Adeyemo
Icegera c’umushikiranganji ajejwe ikigega muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Wally Adeyemo

Icegera c’umushikiranganji ajejwe ikigega muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Wally Adeyemo afise imigambi yo kugendera ibihugu vya Ghana na Nijeriya hamwe n’ikindi gihugu co mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko muri uku kwezi kwa gatatu.

Azoba ashiriye ubutumwa busanzwe ibihugu vyo muri Afrika bw’uko hamwe Uburusiya bworangiza vuba ingwano yabwo muri Ukraine, vyogirira akamaro kurushiriza ivyo bihugu.

Adeyemo yatangaje ko ico bashaka gushikako ari ugutangariza ku buryo bugaragara ivyo bihugu ko guhagarika iyo ngwano, vyogirira akamaro n’inyungu z’ivyo bihugu mu bijanye.

Yamenyesheje ko azoshimikira ku ngaruka ibitero vy’Uburusiya muri Ukraine vyagize ku biciro vy’ibifungurwa n’amasoko ntanganguvu vyageramiye bikomeye cane iterambere ry’ibihugu biri mu nzira y’amajambere.

Wally Adeyemo afise imigambi yo kubwira amareta yo muri Afrika ko Reta zunze ubumwe za Amerika iriko igerageza gukora ibishoboka vyose kugira igabanye
ingaruka mbi kuri Afrika z’ingwano muri Ukraine. Yavuze ko ivyo bihugu yotegerezwa gusaba Uburusiya kubigenza nk’uko.

Urugendo rwiwe rukwirikiye urw’umushikiranganji ajejwe ikigega wa Amerika, Janet Yellen yagize muri Afrika mu kwezi kwa mbere. Yagendeye ibihugu vya Senegal, Zambiya na Afrika y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG