Uko wahagera

Abanyamerika Bane Baranyurujwe n'Abataramenyekana muri Megizike


Abaporisi mu gisagara hagati ca Matamoros muri Megizike
Abaporisi mu gisagara hagati ca Matamoros muri Megizike

Abenegihugu bane ba Reta zunze ubumwe za Amerika baratewe bongera baranyuruzwa n’abantu bitwaje inkoho bataramenyekana mu gihugu kibanyi ca Megizike. Ibiro vy’inyamiramabi vya Amerika, FBI, vyavuze ko abo banyamerika banyurujwe ku musi wa gatanu. Bari bahejeje kujabuka umupaka bavuye mu gisagara ca Brownsville ca Texas, binjira muri Megizike.

Itangazo ryasohowe na ambasade ya Amerika muri Megizike ryavuze ko 50.000 vy’amadolari vyatanzwe nk’agashimwe kugira abo banyamerika barekurwe kandi n’ababanyurujwe bahagarikwe.

Umutegetsi wo muri Megizike yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters ko abanyurujwe bagizwe n’abagabo batatu hamwe n’umugore umwe.

Prezida wa Megizike, Andrés Manuel López Obrador, yavuze ko abo banyamerika bari bagiye kugura imiti muri ico gihugu ciwe. Yavuze ko reta yiwe iriko irakora ibishoboka kugira batabarwe. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG