Uko wahagera

Imyiyerekano mu Bugiriki y'Inyuma y'Isanganya rya Tereni


Imyiyerekano inyuma y'isanganya ry'amatereni abiri hafi ya Larissa, muri Athene, kw'itariki ya 5/03/2023
Imyiyerekano inyuma y'isanganya ry'amatereni abiri hafi ya Larissa, muri Athene, kw'itariki ya 5/03/2023

Abantu baharurwa mu bihumbi bihereje amabarabara mu Bugiriki kuri uyu w’Imana. Basaba inyishu reta ku tereni zagonganye mu ndwi iheze hapfa abantu 57, abatari bake bakomeretse n’abatazwi baburiwe irengero.

Iyo myiyerekano ibaye mu gihe umushikiranganji wa mbere, Kyriakos Mitsotakis yasavye imbabazi ku kibazo c’amabarabara y’indarayi kimaze imyaka kidatorerwa inyishu.

Ku murwa mukuru Athene, iyo myiyerekano yatangujwe n’abakozi bo mu gisata c’amabarabara y’indarayi, bari kumwe n’abanyeshure hamwe n’abandi banyagihugu ibihumbi. Yagiye gukomera igihe batangura guhangana n’igiporisi hanze y’inyubako y’abashingamateka.

Abantu bashika ku 350, benshi muri bo abanyeshure bo muri kaminuza, bari mu tereni imwe muri zibiri zasekanye.

Kuri uyu w’Imana, umugabo w’imyaka 59 arongoye igituro ca sitayiyo izo tereni zasekaniyeko yarengutse imbere y’ubutungane, yegekwako icaha co gusamara.

Reta y’umushikiranganji wa mbere, Kyriakos Mitsotakis yavuze ko iryo sanganya ryatewe n’ugusamara kw’abantu, atari ibijanye n’ubuhinga bw’ivyuma (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG