Uko wahagera

USA Yemeye Imiriyoni 5 ku Wokwerekana aho Umukuru wa ADF Ari


Reta zunze ubumwe za Amerika zemeye gutanga impera y'imiliyoni 5 y'amadolari ku wuzotanga amakuru azotuma umukuru w'umurwi w'abagwanyi wa, "Alliance Democratic Forces", ADF, mu mpfunyapfunyo, afatwa.

Iyo nkuru yatangajwe, uno musi ku wa kane, na ambasade ya Reta zunze ubumwe za Amerika i Kinshasha muri Republika ya demokrasi ya Congo. Ivyo biri mu mugambi wa Amerika wo guha impera abatanze amakuru afasha gufata abakoze ivyaha bakwirikiranwa n’ubutungane, “Rewards for Justice”, RFJ, mu mpfunyapfunyo.

Umurwi ADF, ugizwe ahanini n’abarwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda b’abayislamu. Ukorera mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Kongo kuva mu myaka yo mu 1990, aho bagirizwa ko bagandaguye abasivile ibihumbi n’ibihumbi. Ibitero vyakozwe ku butaka bwa Uganda mu mwaka w’i 2021 vyegestwe kuri uwo murwi.

Inteko za Reta ya Uganda na Congo zaratanguye gukorana mu bikorwa vya gisirikare vyo guhiga abarwanyi b’umurwi ADF mu ntara za Kivu yo mu buraruko na Ituri.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bwatangaje ko umutegetsi mukuru w’umurwi ADF, Musa Baluku, afise ubwenegihugu bwa Uganda, yavutse mu mwaka w’i 1975 canke mu mwaka w’i 1976. Mu mwaka w’i 2019 yatangaje ko azokorana na reta ya kiyislamu kandi azokora ivyo izomusaba vyose. Reta ya kiyislamu yamenyesheje ko umurwi ADF ari ishami ryayo mu karere ko muri Afrika yo hagati. (AFRICANEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG