Uko wahagera

NIjeriya: Umurwi Utunganya Amatora Wemeje Intsinzi ya Bola Tinubu


Bola Tinubu agiye gutwara Nijeriya
Bola Tinubu agiye gutwara Nijeriya

Umurwi utunganya amatora muri Nijeriya watangaje ko Bola Tinubu yegukanye intsinzi mu matora ya prezida. Tinubu ari mu mugambwe uri ku butegetsi.

Bolu Tinubu mw’ijambo yashikirije intsinzi yiwe ikimara kwemezwa n’umurwi utunganya amatora muri Nijeriya, yavuze ko yishimiye cane kuba atowe nka prezida wa Nijeriya. Yagize ati: “ Ndemeye ntahigimanaga ano mabanga atari ayo gufata minenerwe.”

Muri iryo jambo, uwo mu nyepolitike akomoka mu mugambwe wari usanzwe ku butegetsi yasavye abanyagihugu ba Nijeriya, gufatana mu nda bakamushigikira. Yateye ivyatsi abavuga ko amatora yabayemwo amahinyu, yemeza ko yagenze neza.

Zimwe mu ngorane abiyamiriza ivyavuye mu matora badomako urutoke, ni utunenge twibonekeje mu buhinga bwa none bwo gutora, no kuba umurwi utunganya amatora ya Nijeriya utashoboye kwerekana ikibiriraho no kumwanya ku mwanya amajwi yariko ava mu bice bitandukanye vya Nijeriya nkuko wari wavyemeye.

Prezida Muhammadu Buhari yahejeje manda ziwe zibiri, mw’itangazo yasohoye yakeje Bolu Tinubu agiye kumusubirira avuga ko amabanga agiye kujamwo ayakwiye. Yemeye ko azokorana neza nawe, mu guhererekanya ubutegetsi.

Bolu Tinubu w’imyaka 70 agiye kuramustwa igihugu cugarijjwe n’ingorane zitandukanye zirimwo uguhangana n’imirwi y’iterabwoba yiyitirira idini rya Isilamu, ibitero bigabwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho, amatati ari hagati y’abarimyi n’aborozi, ikena ry’amafaranga, ikibazo c’ibiturire, ikena ry’umuyagankuba n’igitoro.

Umurwi utunganya amatora muri Nijeriya wavuze ko Bolu Tinubu yaronse amajwi yababa imiriyoni icenda, Atiku Abubakar atavuga rumwe na Reta nawe aronka ayababa imiriyoni 7, Peter Obi ashigikiwe n’urwaruka aza mu kibanza ca gatatu n’amajwi agera ku miriyoni 6.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG