Uko wahagera

Nijeriya: Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi Ntibemera Ivyavuye mu Matora


Abakora imyiyerekano biyamiriza komisiyo ijejwe amatora ko amatora yibwe i Abuja, muri Nijeriya kw'itariki ya 28/02/2023
Abakora imyiyerekano biyamiriza komisiyo ijejwe amatora ko amatora yibwe i Abuja, muri Nijeriya kw'itariki ya 28/02/2023

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Nijeriya yavuze ko amatora yabaye ku musi wa gatandatu ari “ibiterasoni” kandi abwirizwa gufutwa. Hari igihe bari mu myiyerekano yo kuyiyamiriza, yabereye ku murwa mukuru.

Abantu hafi 100, bagizwe ahanini n’abagore n’urwaruka, bakoze imyiyerekano ku murwa mukuru Abuja.

Abajejwe umutekano batambitse amabariyeri mu mabarabara kugira babazibire gushika ahari ibiro vya komisiyo ya Nijeriya ijejwe amatora.

Gushika ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri, iyo komisiyo yari imaze gutangaza ibiharuro vyavuye muri bibiri vya gatatu vy’amareta 36. Umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi, All Progressives Congress canke APC, Bola Ahmed Tinubu, ni we aza imbere n’amajwi arenga imiriyoni indwi z’abatoye.

Tinubu yakurikiwe na Atiku Abubakar wo mu mugambwe, the People’s Democratic Party, umaze kuronka amajwi arenga imiriyoni zitandatu. Uwuza ku mwanya ugira gatatu ni Peter Obi wo mu mugambwe w’abakozi, Labor Party, ku majwi arenga imiriyoni zitanu.

Ibiharuro ntabanduka vy’aya matora y’umukuru w’igihugu n’abashingamateka vyitezwe kuzotangazwa inyuma y’imisi ibiri.

Mu gihe ibindi biharuro bikibandanya gutororokanywa, abahinga bavuga ko uruhagarara rushobora kwiyongera muri Nijeriya. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG