Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimaze gutororokanya umuriyaridi 1.2 w’amadolari yo gufasha Yemeni. Ariko ayo mafaranga aracari make ugereranije n’imiriyaridi 4.3 z’amadolari zikeneye zo gufasha ico gihugu casinzikajwe n’intambara.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken yavuze kuri uyu wa mbere ko Amerika izotanga imiriyoni 444 z’amadolari uyu mwaka. Hari mu nama mpuzamakungu y’abariko barafasha muri uyo mugambi, yabereye i Geneve mu Busuwisi. Yasavye ibindi bihugu kuyigana bakagira ico basezeranye.
Blinken yavuze ko iyi ntererano ya Amerika iciye ishikana imiriyaridi 5.4 kuva intambara itangura muri Yemeni.
Ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo bivuga ko hafi bibiri kuri bitatu vy’abanyagihugu muri Yemeni, n’ukuvuga abarenga imiriyoni 21, bakeneye gufashwa.
Intambara muri Yemeni, yatanguye mu 2014. Ihuza urunani rurongowe na Arabiya Sawudite hamwe n’abarobeli b’abahuti bashigikiwe na Irani. Abo barobeli barirukanye reta yemewe n’amakungu mu 2014, ubu bakaba bagenzura igice c’uburaruko bw’igihugu. (AP, Reuters).
Facebook Forum