Uko wahagera

Kenya: Prezida Asabwa Gutangaza Ibihe vy'Ivyago mu Karere k'Ubugaragwa


Wakazi wa Garissa wakiwa katika eneo la makazi yao.
Wakazi wa Garissa wakiwa katika eneo la makazi yao.

Prezida wa Kenya, William Ruto araremerewe n’abanyagihugu bamusaba gutangaza ibihe vy’ivyago mu buraruko bw’igihugu, aho imiriyoni zitanu z’abahaba babangamiwe n’ubugaragwa. Ibihe vy’imvura bitandatu bihitiye ata n’ima rikoroka muri ico gice c’igihugu, bituma inzara yirara muri ako karere.

Abategetsi ba Kenya bavuga ko uko gukena kw’imvura kwatumye ibitungwa biharurwa mu mamiriyoni bipfa, kandi abanyakenya barenga imiriyoni zitanu bakeneye imfashanyo.

Ibice birenga ica kabiri c’ahabangamiwe ni mu makomine ya Garissa, Wajir na Mandera, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Indongozi zo muri iyo ntara zirushiriza gusaba Prezida Ruto gutangaza ko ubwo bugaragwa ari ibihe vy’ivyago ku gihugu. Ariko bavuga ko akamo kabo katariko karumvirwa. Bavuga ko mu gihe reta yobikora, amakungu ashobora kubafasha mu vyo bakeneye mu kubaho kwabo kwa misi yose.

Prezida William Ruto mu ndwi iheze yaremeye ko ako karere kari mu bihe bitoroshe aca yemera kuzobarungikira izindi mfashanyo. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG