Uko wahagera

Kongo: Abanyororo 66 ni bo Bamaze Kumenyekana ko Bitavye Imana


Ahari Ibohero rya Makala
Ahari Ibohero rya Makala

Muri Kongo, abanyororo 66 bo mw'ibohero rikuru rya Makala i Kinshasa ni bo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana kuva uno mwaka utanguye.

Abaharanira agateka ka zina muntu batanga ano makuru bavuga ko abo banyororo 66 bose bazize ubuzima bubi babayemwo burimwo ugufungura nabi, ubwinshi bwabo bubabuza guhemuka neza, n’ukudahabwa uburyo bushemeye bwo kwivuza.

Emmanuel Cole, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu bagendera cane amabohero atandukanye y’i Kinshasa yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, ko babiri banyuma mu bo bamenye bashengeye ku munsi wa Mungu.

Yagize ati: “ Abo babiri nariboneye ibiziga vyabo. 35 muri 66 bapfuye muri uku kwezi kwa kabiri, abandi nabo 31 barimwo umugore bashengera mu kwa mbere.”

Ibohero rya Makala ni ryo bohero rinini rya mbere ry’i Kinshasa. Ryubatswe mu myaka ya gikoroni rifise ubushobozi bwo kwakira abantu 1500, ariko ubu ribarizwamwo abababa ibihumbi 11.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG