Uko wahagera

Abahitanywe n'Insanganya y'Ubwato mu Butaliyano Barenze 60


Ibisigarira vy'ubwato bwasenyutse
Ibisigarira vy'ubwato bwasenyutse

Ubutaliyano bwatangaje ko abahitanywe n’ubwato bukozwe mu mbaho bwasambutse ejo ku wa Mungu, buri mu gushika ku nkengera y'ibahari ya Mediterane barenze 60.

Abajejwe gucungera inkengera z’amazi akikuje igisagara ca Crotogne kiri mu karere ka Calabre gaherereye mu buseruko bw’Ubutaliyano ahabereye iryo sanganya bavuze ko bakibandanya kurondera abandi boba bahitanywe n’ubwo bwato.

Muri 62 bamaze kwemezwa ko baguye muri iryo sanganya, 12 ni abana. Abajejwe gucungera imbibe z’amazi bemeza ko ibi biharuro bishobora kwiyongera umwanya n’umwanya.

Amashirahamwe y’abagiraneza nayo atangaza ko mu bo ariko arafasha, harimwo abana imiryango yabo yose yaguye muri ubwo bwato. Ishirahamwe ry’abanganga batagira imbibe, MSF, ryatanze akarorero k’umwana wo muri Afugansitani afise imyaka 12, yarokotse wenyene mu muryango w’abantu 9 barimwo abavyeyi biwe.

Ubwato bwakoze isanganya ejo ku wa Mungu bwasambutse hasigaye amametero make cane ngo bushike aho bwari bugiye. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru rivuga ko bwarimwo abantu barengeye abo bwabwirizwa gutwara, umuyaga mwinshi ubutuma bukubitagura ku bibuye vyo mu mazi, gutyo burasambuka.

Ishirahamwe ryitaho ineza y’umwana, Save the Children, mu butumwa ryacishije ku rubuga rwayo rwa Twitter ryavuze ko mu barokotse ririko rirafasha harimwo abanyagihugu bo muri Afuganistani, Pakistani, Somaliya na Siriya.

Ubwato bwasambukiye mw’ibahari ya Mediterane bwari bwatanguriye urugendo rwabwo mu gisagara ca Izmir co muri Turukiya. Abantu 3 bagirizwa kugira uruhara muri urwo rugendo bahagaritswe.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano yataye agashavu ku batunganije urwo rugendo abita "Abicanyi". Yasiguye ko adatahura ingene bapakiye abantu 200 mu "bwato badakwiramwo kandi ibirere atari vyiza". Ibitigiri vy’abarokotse n'abakirondererwa irengero ryabo ntibiratangazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG