Uko wahagera

Nijeriya: Komisiyo y'Amatora Yatanguye Gutangaza Ibiharuro vy'Imfatakibanza


Abakozi bo muri komisiyo ijejwe amatora bariko baratororokanya ivyavuye mu Matora i Lagos, Nijeriya, kw'itariki ya 26/02/2023
Abakozi bo muri komisiyo ijejwe amatora bariko baratororokanya ivyavuye mu Matora i Lagos, Nijeriya, kw'itariki ya 26/02/2023

Nijeriya kuri uyu w’Imana yatangaje ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ivy’imfatakibanza. Abayakurikiranye bavuga ko yaranzwemwo uguteba gutangura mu bice bitari bike hamwe n’uko hari abagerageje kwiba amajwi.

Abanyenijeriya imiriyoni 90 ni bo bari bakwije ibisabwa ngo batore mu matora yabaye ku musi wa gatandatu. Arondera uwuzosubirira Prezida Muhammadu Buhari arangije manda ziwe zibiri. Indorerezi zivuga ko amatora ahanini yagenze neza kandi mu mutekano, kiretse ibikorwa bigayitse vyo guhungabanya umutekano mu bibanza bimwe bimwe vyo gutoreramwo.

Abakandida baza kw’isonga ni uwahoze ari buramatari wa Reta ya Lagos, Bola Tinubu, w’imyaka 70, wo mu mugambwe uri ku butegetsi, All Progressives Congress (APC). Yegeranye mu majwi n’uwahoze ari icegera ca prezida, Atiku Abubakar, wo mu mugambwe, The Peoples Democratic Party (PDP).

Gutsinda amatora, umukandida abwirizwa gutahukana amajwi menshi, ariko kandi agatsindira n’iburiburi ibice 25 kw’ijana vy’amajwi yo muri bibiri vya bitatu vy’amareta 36 agize Nijeriya.

Buhari, umujenerali wa mbere mu gisirikare, yatowe ubwa mbere mu 2015. Agiye kuzoheraheza ubutegetsi atwaye manda zibiri. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG