Uko wahagera

Abahitanywe na Nyamugigima muri Turukiya na Siriya Barenze Ibihumbi 50


Zimwe mu nyubakwa zasenyutse
Zimwe mu nyubakwa zasenyutse

Turukiya yatanguye gusanura ivyasenyuwe na nyamugigima yasinzikaje ico gihugu mu ntango z’uku kwezi kwa kabiri.

Ubutegetsi bwa Turukiya bwatangaje ano makuru buvuga ko muri rusangi nyamugigima yumvikanye muri Turukiya na Siriya igenekerezo rya 6 uku kwezi yahitanye abarenga ibihumbi 50 muri ivyo bihugu: Aba bagizwe n’abarenga ibihumbi 44 bo muri Turukiya, n’abarenga ibihumbi 5 ku ruhande rwa Siriya.

Igisata kijejwe ivy’ibiza muri Turukiya mu biharuro vyaco bishasha cerekana ko inyubakwa zasenyuwe n’iyo nyamugigima muri Turukiya zirenga ibihumbi 160, muri izo harimwo izigera ku bihumbi 520 zabamwo abantu.

Mu gihe nyamugigima muri Turukiya yabaye hasigaye amezi make ngo ico gihugu kije mu matora ya prezida, abahinga bagirije ubutegetsi bwa Prezida, Tayyip Erdogan, kwihutisha ibikorwa vyo gusanura ivyasenyutse ku nyungu z’ayo matora, aho kubanza kwiga icatumye hasenyuka inyubakwa nyinshi mu ntumbero yo kurinda “akaga nkaka muri kazoza”.

Hagati aho, hari abanyagihugu batararonka aho bakika umusaya bishemeye: Umwe mu bavyeyi afise abana umunani yasiguriye abamenyeshamakuru bari ku rubuga ko ihema bahawe itabakwiye nk’umuryango kandi yatobotse ku buryo rimwe na rimwe banyagirwa. Uwo muvyeyi yemeza ko ikibazo ciwe yagisiguye kenshi naho ata nyishu ubuyobozi buramuha.

Reta ya Turukiya ifise umugambi wo kubaka vyihuta amazu y’abanyagihugu ibihumbi 200, n’ibirwati ibihumbi 70. Ku bwa Turukiya, uwo mugambi uzotwara imiriyaridi 15 z’amadorali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG