Uko wahagera

Abanyororo Babiri Bari Bafungiwe i Guantanamo Barungitswe muri Pakistani


Abasirikare ba Amerika batwaye umunyororo w'i Guantanamo muri Cuba
Abasirikare ba Amerika batwaye umunyororo w'i Guantanamo muri Cuba

Abanyororo babiri bari babohewe mw'ibohero ry'i Guantanamo muri Cuba, ryegukira Reta zunze ubumwe za Amerika bimuriwe muri Pakistani. Pentagone, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze kuri uyu wa kane ko iryo bohero ubu riciye risigaramwo imbohe 32.

Ibohero ryashinzwe na prezida George W. Bush mu 2002, kugira rifungirwemwo abanyamahanga bagirizwa iterabwoba, inyuma y’ibitero vyabaye muri Amerika mu 2001 i New York no kuri Pentagon. Abantu bashika 3.000 barahasize ubuzima.

Prezida w’iki gihe Joe Biden yageze ku butegetsi mu 2021 iryo bohero ririmwo 40. Prezida Biden yavuze ko yizigiye ko azoryugara.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwatangaje ko Abdul Rabbani na Mohammed Rabbani barungitswe muri Pakistani. Bose uko ari babiri bafashwe mu 2002.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG