Uko wahagera

Kenya: Ubwoko Bushasha bw’Imibu Itera Malariya Ikomeye


Ifoto y'umubu
Ifoto y'umubu

Abashakashatsi muri Kenya bubuye ubwoko bw’imibu iteza ingwara ya Malaria mu turere tutahora tubazwamwo iyo ngwara.

Ikigo kijejwe ubushakashatsi mu buvuzi muri Kenya gisaba gishimitse abanyagihugu gukoresha imisegetera kandi bagasukura ibibanza imibu ishobora kubamwo.

Ubwo bwoko bwa Malariya bwibonekeje ku ncuro ya mbere mu gihugu ca Jibouti mu mwaka wa 2012. Ubwo bwoko bushasha bw’imibu yiswe Anopheles Stephensi bugwaza umugera wiswe Plasmodium vivax, umugera wa mbere ukomeye wa Malariya kandi wica.

Bernhards Ogutu umuyobozi w’umugwi w’abashakashatsi mu kigo c’ubushakashatsi mu buvuzi muri Kenya avuga ko vyari vyitezwe ko ubwo bwoko bw’imibu bushika muri Kenya inyuma y’aho bwibonekeje muri Etiyopiya no muri Sudani y’Epfo.

Ibiro bijejwe amagara y’abanu kw’isi OMS bitangaza ko Malariya ibangamiye abantu barenga imiriyoni 229 mu gihe ihitana abarenga ibihumbi 400 buri mwaka. Igice ca kane c’umuriyoni w’abana muri Afrika, barahitanwa n’imigera iterwa n’imibu; ibihumbi 10 muri bo bakaba baba muri Kenya.

Ogutu avuga ko afise amakenga y’uko ubwo bwoko bushasha bushobora kubangamira ibice vy’igihugu bidatunganijwe neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG