Uko wahagera

Kenya: Abanyagihugu Barenga Imiliyoni 5 Bashobora Kugeramirwa n’Inzara


Muri Kenya, abanyagihugu barenga imiliyoni 5.4 bashobora kugeramirwa n’inzara kuva mu kwezi kwa gatatu kandi abana bashika umuliyoni bashobora kugira ingaruka mbi zo gufungura nabi muri uyu mwaka, bivuye ku ruzuba rutari bwabonwe mu myaka ya vuba.

Ayo makuru yatohojwe n’ishirahamwe rikwirikirana ukuntu ikibazo c’ibifungurwa cifashe kw’isi avuga ko Abanyakenya imiliyoni 4.4 bafise ingorane zo kuronka ibifungurwa muri ico gihugu gituwe n’abanyagihugu imiliyoni 47.5.

Ibiharuro vyatohojwe vyerekana kw’ico gitigiri ciyongeye incuro 43% ugereranije no mu mwaka uheze.

Prezida wa Kenya William Ruto mu ndwi iheze yaratunganije igisabisho mu gihugu cose co gusaba kw’imvura yogwa, yongera aratangaza ko reta yiwe igiye gufata imigambi izotuma Abanyakenya bose baronka ico bafungura.

Bitegekanijwe kw’imvura igwa mu kwezi kwa gatatu, yamara abahinga bo muri Kenya bakwirikiranira hafi ibijanye n’ibihe bavuga kw’ibihe vy’imvura mu buraruko bw’igihugu, bizoteba.

Ico gice c’igihugu ca Kenya caramaze ibihe vy’imvura bitandatu ata mvura iguye, canke ikagwa ku rugero ruri hasi cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG