Uko wahagera

Imyimenyerezo y'Igisirikare Kirwanira Mu Mazi muri Afurika y'Epfo


Muri Afrika y’epfo, hatanguye imyimenyerezo y’igisirikare kigwanira mu mazi, irimwo n’abasirikare b’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa.

Bitegekanijwe ko iyo myimenyerezo yitiriwe Exercise Mosi II izorangira kw’igenekerezo rya 27 ry’uku kwezi kwa kabiri.

Umuvugizi w’igisirikare ca Afrika y’epfo avuga kw’iyo myimenyerezo izoba irimwo inyigisho z’ubuhinga butandukanye burimwo ubwo gukinga ibitero vy’abanyuruza n’abatera amato, ubwo kugwanira mu kirere hamwe n’ubwo kwururutsa indege za kajugujugu ku mato y’ibisirikare vy’ivyo bihugu..

Iyo myimenyerezo ivyo bihugu bizokorera hamwe izotuma bikomeza imigenderanire yavyo no kwizerana, kandi izotuma bikorera hamwe mu bijanye no gucungera umutekano hamwe no gutsimbataza amahoro kw’isi, nk’uko bitangazwa n’umusirikare ajejwe inyigisho mu gisirikare c’Ubushinwa kigwanira mu mazi, Huang Zhongxin.

Imyimenyerezo ya mbere y’abasirikare bagwanira mu mazi, Afrika y’epfo yakoreye hamwe n’Ubushinwa hamwe n’Uburusiya, yabereye mu gisagara ca Cape Town muri Afrika y’epfo, mu kwezi kwa 11 mu mwaka w’2019. ( AP )

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG