Uko wahagera

Nijeriya: Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abapolisi 8


Muri Nijeriya, abantu bitwaje inkoho bikekwa ko bari mu murwi w’abaharanira kwiyonkora barishe abapolisi umunani muri iyi misi itatu iheze, mu bumanuko bw’igihugu. Ubwo bwicanyi burateye umutima uhagaze abatari bake muri iki gihe hitezwe amatora y’umukuru w’igihugu.

Abapolis bane barishwe ejo ku musi wa mbere muri reta ya Anambra igihe abajejwe amatohoza bariko bararondera abantu bikekwa ko bishe abandi bapolisi bane mu mpera z’indwi irangiye. Umuvugizi w’igipolisi, Tochukwu Ikenga avuga ko izo nkozi z’ikibi zarashe abo bapolisi zikoresheje amagarenade. Yatangaje kandi ko batatu muri abo bantu bitwaje ibigwnisho bishwe, mu gihe abandi babiri bahagaritswe.

Igipolisi kivuga kw’ubwo bwicanyi bwakozwe n’umurwi w’abaharanira kwiyonkora witwa Indigenous People of Biafra, IPOB, mu majambo avunaguye. Uyo murwi uharanira ubwigenge bw’intara yo mu bumanuko bwa Nijeriya.

Abategetsi bararega uyo murwi ko ari wo wama wateye ubwicanyi bumaze guhitana ubuzima bw’abantu benshi muri iyo ntara irangwamwo umutekano muke. Ubwo bwicanyi butanguye gutuma abantu bibaza niba reta ya izoshobora gucungera umutekano imbere n’igihe c’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG