Uko wahagera

Abashika 36 Barishwe n'Imyuzure y'Imvura muri Brezile


Ivyononywe n'imvura i Ilhabela, mur Brezile
Ivyononywe n'imvura i Ilhabela, mur Brezile

Muri Brezile, abatabara baharurwa mu majana bariko bararondera aboba bagihema, inyuma y’isenyuka ry’imisozi ryatewe n’imvura y’isegenya yishe abantu bashika kuri 36.

Iyo myuzure y’imvura yabereye muri reta ya Sao Paulo iri mu bumanuko bw’igihugu, mu mpera z’indwi irangiye. Ahasinzikaye cane ni mu gisagara ca Sao Sebastiao, ahapfuye abantu bashika kuri 35.

Buramatari wa reta ya Sao Paulo, Tarcisio de Freitas yavuze ko abandi bantu 40 batazwi irengero n’abandi hafi 800 batagira uburaro.

Umukuru w’igisagara ca Sao Sebastiao, Felipe Augusto, yavuze kuw’Imana ko amazu hafi 50 yasenyutse muri ico gisagara bitewe n’ivyondo vyavuye mu misozi yasenyutse.

Itangazo ryasohowe n’ubutegetsi bwo muri iyo reta rivuga ko iyo mvura y’isegenya yononye amazi yo kunywa, ica umuyagankuba hamwe n’imihora ya telephone. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG