Uko wahagera

Sentare Yankiye Abanyanijeriya Baba mu Mahanga Gutora


Indangamuntu zo muri Nijeriya
Indangamuntu zo muri Nijeriya

Sentare yo muri Nijeria yimye uburenganzira Abanyagihugu baba mu mahanga uburenganzira bwo kwitabira amatora y’umukuru w’igihugu. Inyuma y’aho bashingiye urubanza rwo kubusaba.

Iyo sentare yatesheje agaciro urubanza rwari rwashinzwe n'Abanyenijeriya babiri baba mu Bwongereza. Bariko basaba ko amatora azoba kw’itariki ya 25 y’uku kwezi yohagarikwa gushika abenegihugu imiriyoni n’imiriyoni baba mu mahanga bahawe uburenganzira bwo gutora.

Mu mwaka wa 2017 reta ya Nijeriya yaratangaje ko mu mahanga hoba habayo Abanyenijeriya bashika imiriyoni 17, harimwo abatarakwiza imyaka 18 y’amavuko yemerera gutora. Abanyenijeriya baba hanze y’igihugu bari bizeye kuzotora babicishije ku buserukizi bw’igihugu cabo aho baba.

Abanyapolitike 18 ni bo bariko barahiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kuri uyu wa gatandatu. Mu bari imbere harimwo Atiku Abubakar yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, Bola Ahmed Tinubu yahoze ari Buramatari w’igisagara ca Lagos, hamwe na Peter Obi yahoze ari Buramatari wa reta ya Anambra.

Abanyenijeriya baba hanze y’igihugu baremerwa gutora mu gihe baba bafise icerekana aderesi y’aho babarizwa mu gihugu, kandi bagafata indege bakaza gushikiriza ijwi ryabo.

Komisiyo y’Abanyenijeriya baba hanze y’igihugu, ikorera Abuja, imenyesha ko Abanyenijeria baba mu mahanga barungitse amafaranga arenga imiriyaridi 20 z’amadolari y’abanyamerika mu mwaka wa 2021. Ico gitigiri ni ica mbere kinini mu bihugu vyose vya Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara.

Naho barungika intererano ikomeye ku butunzi bw’igihugu, Abanyenijeriya baba hanze babandanya kudashigikirwa mu cipfuzo cabo co kwitabira amatora bari hanze yaco. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG