I Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopiya hariko harabera inama igira 36 y’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika. Inama nyezina ihuza abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango yatanguye uno munsi izohera ejo ku wa Mungu.
Mu biri ku rutonde rw’ivyo abaprezida 35 bayitabiriye bazoganirako, harimwo ahanini umutekano ubandanya guhungabana muri Republika ya demokarasi ya Kongo no mu karere ka Sahel.
Bitegekanijwe kandi ko barabira hamwe ingene bohererekanya ibidandazwa vyoroshe, uruja n’uruza rw’abantu babarizwa mu bihugu bigize uwo muryango rukoroshwa, ubuzi bukagwizwa.
Ku rutonde rw’ibindi abategetsi b’Ubumwe bwa Afurika bazokwigira hamwe, harimwo ikibazo c’ibifungurwa ku mugabane wa Afurika, n’ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guteress ari mu bitabiriye iyo nama yabwiye abategetsi b'Ubumwe bwa Afurika ko umugabane wa Afurika bogerageza ugatahamwo amahoro masa.
Imishikirano yabaye ejo ku wa gatanu ibanziriza inama nyezina y'abategetsi b'ibihugu bigize Ubumwe bwa Afurika, yaranzwe n’inama y’abakuru b’ibihugu b'umuryango wa Afurika y’ubuseruko, EAC, ku kibazo c’umutekano muke wa Kongo.
Muri ivyo biganiro vyitabiriwe na prezida wa Kongo, Félix Tshisekedi, n’uw’u Rwanda Paul Kagame, abategetsi ba EAC bategetse ko imirwi irwanira ku butaka bwa Kongo ibwirizwa kuva mu birindiro vyayo bitarenze itariki ya 30 y’ukwezi kwa gatatu uno mwaka.
Hagati aho, Prezida w’ikigwa ca Comores, Azali Assoumani, ni we yagenywe mu mabanga y’umukuru w’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika. Asubiriye prezida wa Senegali, Macky Sall.
Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, nawe yagenywe mu bagize ibiro nyobozi vy'umuryango w’Ubumwe bwa Afurika mu kibanza c’icegera ca gatatu muri uwo muryango, aho aserukira akarere ka Afrika yo hagati.
Facebook Forum