Uko wahagera

Ikiziga c'Umukinyi Christian Atsu Catowe munsi y'Ibibomoke muri Turukiya


Christian Atsu
Christian Atsu

Ikiziga c’umukinyi akomoka muri Ghana, Christian Atsu, catowe mu bumanuko bwa Turukiya, munsi y’ibibomoke vy’inzu yabomowe na nyamugigima yumvikanye muri ico gihugu igenekerezo rya 6 uku kwezi.
Nyamugigima ikiba, hari amakuru yari yavuze ko uyu yahora akinira ekipe ya Chelsea yo mu Bwongereza agihumeka.

Ekipe yo muri Turukiya akinira yitwa, Hatayspor, yatangaje ivy’urupfu rwiwe uno munsi ku gatandatu ivuga ko yabomokeweko n’inzu yabamwo.

Uwutwara iyo ekipe yavuze ko umunsi nyamugigima iba, vyari bitegekanijwe ko afata urugendo akava muri ico gisagara, ariko ahitamwo kurusivya kugira agumane na ekipe yiwe yigina instinzi yari yagizemwo uruhara mu mukino wabaye buca nyamugigima iba.

Hambavu ya Chelsea, Atsu w'imyaka 31 yigeze kandi gukinira ekipe iya Everton, Newcastle yo muri shampiyona y'igice ca mbere mu Bwongereza, Premier League na ekipe ya Al-Raed yo muri Arabiya Sawudite.

Bimwe mu vyo azokwibukirwako mu mupira w'amaguru, ni ukuba yarafashije cane Ghana gushika mu mukino wa nyuma wo guhiganira igikombe ca Afurika, CAN, mu 2015: Ico gihe, Kote d'Ivoire yatsinze Ghana biciye muri penaliti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG