Uko wahagera

Senegali: Igipolisi Camenye Ibiyo vy'Imodoka y'Umunyepolitike Sonko


Ousmane Sonko atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Senegali
Ousmane Sonko atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Senegali

Igipolisi co muri Senegal camenye ibiyo vy'imodoka umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta yarimwo, bayimukuramwo ku nguvu. Ni inyuma y'uko arengutse muri sentare uno musi ku wa kane.

Inyuma y’uko avuye muri sentare, Sonko yaramukije abamushigikiye ari mu modoka yiwe. Igipolisi caciye gitangura kurasa imyuka ibabaza mu maso ku bamushigikiye bari bakoraniye hamwe. Uwumwunganira mu mategeko, Cire Cledor Ly, yatangaje ko imodoka zari zimuherekeje zazibiwe n’iz’igipolisi. Amenyesha ko icatumye imodoka yiwe ihagarikwa kidatomoye.

Amasanamu yerekanywe ku mbuga ngurukanabumenyi, itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryiboneye, yerekana igipolisi gikura ku nguvu Ousmane Sonko, afise imyaka 46, mu kibanza c’inyuma mu modoka yarimwo uno musi ku wa kane. Mu nyuma y’aho yajanywe n’abategetsi imuhira iwe.

Umuvugizi wa reta yahakanye ko Sonko yahagaritswe. Sonko yitwariwe yagirizwa ko yambitse iceyi akongera gutukana, igihe yariko yagiriza umushikiranganji ajejwe ingenzi muri Senegal, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu mpera z’umwaka urangiye. Urubanza rwigijweyo uno musi ku wa kane gushika mu kwezi kuza.

Ousmane Sonko yamenyekanye cane igihe c’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’i 2019. Abonwa ko ari we munyapolitike ashobora guhiganwa bikomeye na Prezida Macky Sall mu matora azoba mu mwaka uza. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG