Uko wahagera

Ikibazo c'Umuyagankuba muri Afurika y'Epfo


Prezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa yashigikiye, uno musi ku wa kane ingingo yiwe y'ukugene umushikiranganji ajejwe kugerageza guhagarika ikibazo c'umuyagankuba uguma ucika mu gihugu. Yiyamirije ivyagirizo ko igenwa ry'uwo mushikiranganji bizotuma ibintu bidasobanuka neza muri reta.

Isosiyete y’igihugu ijejwe umuyagankuba, Eskom, ihanganye n’ikibazo gikomeye cane c’umuyagankuba uguma ucika mu gihugu, mu vyageramiye bikomeye iterambere ry’ubutunzi. Vyatumye Prezida Ramaphosa, mu ndwi iheze, atangaza amategeko yo mu bihe bigoye, yongera amenyesha ko azogena umushikiranganji ajejwe umuyagankuba.

Bamwe mu bashsingamateka batangaje ko ingingo ya Prezida Ramaphosa izotuma ibintu biteba kurangurwa kurushiriza mu gihe isosiyete ya reta itanga umuyagankuba, Eskom, igengwa n’umushikiranganji ajejwe amashirahamwe ya reta, umushikiranganji ajejwe amasosko ntanganguvu nawe ajejwe gutuma umuyagankuba wiyongera mu gihugu.

Prezida Ramaphosa, yabwiye inama nshingamateka ko hari abavuze ko igenwa ry’umushikiranganji ajejwe umuyagankuba bizotuma haha uguhiganwa hagati y’abashikiranganji batandukanye bajejwe ikibazo c’amasosko ntanganguvu muri Afrika y’epfo. Ramaphosa yatangaje ko uko atari ko ibintu bimeze. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG