Uko wahagera

USA: Umutekano Ushobora Guhungabana mu Bibanza Bimwe Bimwe vy'Uburundi


Bamwe mu bajejwe umutekano mu ntara ya Cibitoke, Amerika ivuga ko iri mu ntara zishobora kubangamirwa n'umutekano.
Bamwe mu bajejwe umutekano mu ntara ya Cibitoke, Amerika ivuga ko iri mu ntara zishobora kubangamirwa n'umutekano.

Amerika yaburiye abanyamerika ko hari ibice mu Burundi bakwiye kwirinda kugenderamwo kubera ikibazo c’umutekano muke. Aho ni nk’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hamwe n’intara zegereye ishamba cimeza rya Kibira nka Cibitoke, Bubanza na Muyinga.

Ubuserukizi bwa Reta zunze Ubumwe za Amerika mu Burundi bumenyesha ko hari amakuru bufise yo kwizera ko mu bibanza bimwe bimwe umutekano ushobora guhungabana umwanya uwariwo wose. Ubwo buserukizi bwaburiye Abanyamerika baba mu Burundi ko bomera magabo bakirinda kuja mu bibanza biteye amakenga.

Igihugu ca Amerika cerekanye mw’itangazo cashize ahabona ko bimwe muri ivyo bibanza ari hagati mu gisagara ca Bujumbura ahahoze isoko nkuru, imaze imyaka irenga 10 ihiye ubu hakaba ari umusaka. Aho, ubuserukizi bwa Amerika buvuga ko hashobora kuba ubwicanyi bukomeye bw’itegwa ry’ibisasu vy’amagerenade.

Ibindi bibanza Amerika ibona ko umutekano ari muke cane, ni nko mu ntara ya Cibitoke na Bubanza zihana urubibe n’ishamba cimeza rya Kibira. Amerika yemeza ko ico gice kimaze iminsi kiberamwo imirwano y’abitwaje ibirwanisho batazwi. Hakiyongerako n’intara ya Muramvya n’ayo nyene ihana urubibe n’ishamba rya Kibira.

Ubugizi bwa nabi bushobora gukorwa, hisunzwe amatohoza yakozwe n’inzego z’iperereza rya Amerika ni: Ubwicanyi, kunyuruza abantu, kwiba imodoka, ibitero vy’ibisasu, ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho n’ibindi.

Amerika yibutsa ko abakora ubwo bugizi bwa nabi akenshi babangamira abanyamahanga baronderwamwo amafranga y’agaciro n’ibindi. Itangazo ry’ubuserukizi bwa Amerika ryerekana ko igipolisi c’Uburundi gifise uburyo n’ubumenyi buke kugira kirwanye canke gikinge ayo mabi ataraba.

Ijwi ry'Amerika ryahamagaye umuvugizi w’igipolisi kugira agire ico abivuzeko. Gushika igihe twaheza gutegura iyi nkuru Pierre Nkurikiye avugira igipolisi c’Uburundi ntiyari bwatwishure.

Amerika iremeza ko intureka za politike zihitiye mu Burundi zacureshe ariko ko hagisigaye ubwicanyi bushobora gukorwa umwanya n’umwanya n’abantu batazwi. Hakiyongerako ko hakunze kuba n’imikwabu canke isakwa ry’igipolisi bishobora kubuza abanyamerika kwidegemvya.

Amerika iti “n’imipaka ishobora kugarwa atawubimenyeshejwe imbere y’igihe”.

Ubwo buserukizi buvuga ko Reta ya Amerika ifise ubushobozi buke bwo gutabara no kunyarukira ahobera ingorane ku munyamerika aho yoba ari hose. Abanyamerika basabwa kudatembera mw’ijoro no kutarenga igisagara ca Bujumbura guhera isaha 12 z’umugoroba hamwe no mu mutwenzi imbere y’isaha 12.

Umwe mu bategetsi atashatse amazina yiwe amenyekana yabwiye Ijwi rya Amerika ko Amerika yarengeje urugero kuko ku bw’iwe iryo tangazo ryerekana ko Uburundi bwafashwe nk’igihugu kiri mu ntambara.

Ico bikoze, bamwe mu bahinga mu vyerekeye umutekano no kurwanya ibirwanisho bito bito bitembera mu banyagihugu mu karere k’ibiyaga binini babona ko Uburundi budakwiye gufata minenerwe ako kagohe Amerika yavuniye abayo.

Ijwi ry'Amerika ryashatse kumenya ico reta y’Uburundi yoshikiriza kuri iryo tangazo ry’Ubuserukizi bwa Amerika. Umuvugizi wa Reta Prosper Ntahorwamiye, yatwishuye ko ata kinini yobivuga ko. Ijwi rya Amerika ryamubajije insiguro yoha ayo makenga ya Amerika, Ntahorwamiye asigura ko ataco reta y’Uburundi iragera gushikiriza.

Gusa, amashirahamwe yigenga avuga ko ibihugu vyose ubuserukizi bwa Amerika bwagiye buragabisha abanyagihugu babwo kwiyubahara, bwaba bufise amakuru akwiye ko ubwicanyi bushobora kuba.

Ubuserukizi bwa Amerika bwasiguye kandi ko umutekano muke uri mu Buseruko bwa Kongo hamwe n’imishamirano hagati y’u Rwanda na Kongo, bishobora kubangamira umutekano mu Burundi mu bice ivyo bihugu bitatu bihuriyeko.

Mu kiganiro yaheruka guha Abarundi mu kwezi guheze, umukuru w’igihugu yatangaje ko igicugu ari nyabagendwa, kandi ko umutekano wifashe neza mu mpande zose z’ubutaka bw’Uburundi.

Evariste Ndayishimiye, yari yagabishije aboshaka guca intege abashaka kuzana imitahe yabo mu Burundi canke abagishaka kwambika isura mbi igihugu arongoye kuva mumwaka w’2020.

Reta zunze Ubumwe za Amerika mw'itangazo ryayo ry'uno munsi, zabwiye kandi abanyamerika ko n’igisata c’ubuvuzi kitifashe neza, ko baramutse bagiye mu Burundi bokwigengesera.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika.

USA Iburira ko Umutekano Ushobora Guhungabana mu Bice Bimwe Bimwe vy'Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:45 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG