Uko wahagera

Uganda: Abashingamateka 2 Batavuga Rumwe na Reta Barekuwe Batanze Ingwati


Umukuru w'umugambwe,National Unity Platform Robert Kyagulanyi, canke Bobi Wine, aha ikiganiro abamenyeshamakuru i Kampala, muri Uganda, kw'itariki ya 17/02/2021
Umukuru w'umugambwe,National Unity Platform Robert Kyagulanyi, canke Bobi Wine, aha ikiganiro abamenyeshamakuru i Kampala, muri Uganda, kw'itariki ya 17/02/2021

Muri Uganda, abanywanyi b’abashingamateka babiri batavuga rumwe n’ubutegetsi bashimye ingingo y’ubutungane yo kubarekura barinze gutanga ingwati. Abo bashingamateka bari bamaze amezi 17 mu munyororo bagirizwa icaha c’ubwicanyi.

Umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, National Unity Platform wa Bobi Wine uvuga ko ipfungwa ryabo ryari ritumbereye guhoza abanegura reta. Abo bashingamateka uko ari babiri bari baranse gutanga iyo ngwati kandi nta tariki y’urubanza rwabo yari bwashingwe.

Allan Ssewanyana na Muhammed Segirinya, bafunzwe ku vyaha birimwo ivy’ubwicanyi, kugerageza kwica no gufasha mu bikorwa vy’iterabwoba.

Bagirizwa kugira uruhara mu bwicanyi bwabereye mu turere twa Lwengo na Masaka hagati y’ukwezi kwa gatatu n’ukwa gatandatu, umwaka wa 2021. Abantu 26 bageze muzabukuru barishwe ico gihe batemwe n’imipanga.

Irekurwa ry’abo bashingamateka batanze ingwati ryabaye kuko basanze bafise ibibazo vy’amagara, ibohero ritari gushobora kuvura. Barekuwe babanje gutanga amadolari 5,460 no gusiga udutabo twabo tw’inzira (pasiporo) muri sentare. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG